Mu Burundi umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu waneguye ibitari bike mu cegeranyo giherutse gushikirizwa n’abahinga ba ONU.
Ico cegeranyo cari cerekeye ivyakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu 2015, aho haba igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi.
Uwo mugwi uzwi nka CNIDH, mu mpfunyapfunyo, wanamenyesheje kandi ko harimwo ivyo ushima ukabona ko ico cegeranyo kidakwiye kuba ntabanduka.
Ngo ahubwo coba inzira y’ibiganiro hagati ya leta y’u Burundi na ONU, ku bijanye n’agateka ka zina muntu
Leta y’u Burundi yariyamirije ico cegeranyo nk’uko yari yiyamirije mbere ishingwa ry’uwo mugwi w’abahinga ba ONU.
Ibikorwa vyo guhohotera ikiremwa muntu
Ico cegaranyo c’abahinga ba ONU cadondaguye ibikorwa bitandukanye vyo guhohotera ikiremwa muntu ngo vyoba vyarakozwe n’abajejwe umutekano mu Burundi.
Ngo ivyo bikorwa vyabaye nyuma y’aho umugwi w’abasirikare ufatanije na bamwe mu batavuga rumwe na leta y’u Burundi, ugeragereje gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa kane 2015.
Icegaranyo ca ONU n’ico kuva aho habereye igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mu 2015
Abahinga batahonyoye mu Burundi
Uwo mugwi w’abahinga ba ONU uvuga ko habaye ubwicanyi, gukubagura abantu hamwe no gufata abagore ku nguvu, ngo ivyo vyose bigakorwa n’abajejwe umutekano mu Burundi ngo kandi bikaba bikibandanya.
Leta y’u Burundi yariyamirije yivuye inyuma ibiri muri ico cegeranyo, ikavuga ko bifise imvo za politike ngo kuko abakoze ico cegeranyo batigeze bahonyora mu Burundi ngo ahubwo babajije impunzi basanze mu nkambi ziri hanze.
Leta ivuga kandi ko ivyegeranyo nk’ivyo kimwe n’abagerageje gutembagaza ubutegetsi, biri mu mugambi muremure wa bimwe mu bihugu vya Buraya wo guhindura intwaro mu Burundi.