Inama Nshingamateka izosaba Reta guhana abokwagirwa no gusinzikaza agateka ka zina muntu

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nyakanga 2017, umuvugizi w’Inama Nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE amenyesha ko umugwi udasanzwe washinzwe uzofasha kuraba ko ibiri mu cegeranyo cashikirijwe ku Burundi mu kwezi kwa Myandagaro vyoba bifise ifatiro.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZA avugira Inama Nshingamateka amenyesha ko bishitse mu matohoza azokorwa n’umugwi washizweho n’Inama Nshingamateka bikaboneka ko Uburundi bwaremetswe inteba ishushe, Inama Nshingamteka izosaba Reta kwitura inzego z’ubutungane zibifitiye ububasha.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi

Mu kurangiza Inama Nshingamateka y’Uburundi isaba amakungu gufata nkama no gukorera ku biri mu rwandiko Inama Nshingamateka yarungikiye uwurongoye akanama ONU kajejwe umutekano kw’isi.

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017, Inama Nshingamateka y’Uburundi yararungikiye urwandiko umukuru w’akanama ONU kajejwe umutekano kw’isi imumenyesha ko yashizeho umugwi udasanzwe ujejwe guhinyuza ibiri mu cegeranyo c’umurwi ukora amatohoza ku Burundi.

Uwo mugwi washizweho n’Inama Nshingamateka ugizwe n’abashingamateka 12, ufise ikiringo c’amezi atatu co gukora, uhejeje ukazoshikiriza icegeranyo Inama Nshingamateka.