
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko abo basuma binjiye muri izo nyubakwa babanje kumena idirisha, biba imashini nyabwonko 2, icuma kibika ibikozwe muri izo machine (Unité Centrale), icuma gifotora impapuro (Imprimante), hamwe n’udukoresho tubiri babikamwo ibintu (Flash disque).
Abanyezamu babiri bakorera kuri izo nyubakwa bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, bakaba bari mu giporisi ca komine Kiremba kugira babazwe.