Amerika yavuze yuko izova mu masezerano yi Paris avuga ivyihindagurika ry’ibihe.

Amasezerano ya Paris asaba ibihugu vyayateyeko umukono kwubahiriza igipimo bumvikanyeko

Igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika (US) cavuze ko kizokwikura mu masezerano ya Paris ajanye n’ihindagurika ry’ibihe naho hari amakuru avugwa ko vyogabanya ijunja ico gihugu cari gifise mu makungu.

Inyuma y’inama y’abashikiranganji bajejwe ibidukikije ku munsi wa gatandatu, uwujejwe ibidukikije mu muryango wa Buraya (EU), Miguel Arias Canete, yavuze ko intumwa za Trump zavuze ko US ishobora kuguma mu masezerano ya 2015 canke igasubira kwihweza ivyo yiyemeje.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu White House vyo bivuga ko ata kirahinduka ku bijanye naho US ihagaze.