Umuvugizi w’igiporisi Petero NKURIKIYE amenyesha ko abo basuma bafashwe mu gihe bari bahejeje gutemagura bakoresheje imipanga abanyagihugu babiri bo muri ako gace ka Gisyo, aho bivye n’ibidandazwa vy’umwe muri abo babiri batemwe.
Petero NKURIKIYE avuga ko mu giporisi bagiye gukora amatohoza kugira bamenye abandi bantu bakora ubwo bubisha, hamwe n’imvo zituma bakora ubwo bugizi bwa nabi, kuko hariho abantu bamaze gutemagurwa hakoreshejwe imipanga ariko ntibibwe n’ikintu na kimwe.
Umuvugizi w’igiporisi Petero NKURIKIYE ahamagarira abanyagihugu b’aho mu Gisyo kubandanya bakorera mu makomite ahurikiyemwo bose ajejwe umutekano kugira batuze ubwo bibisha.

Abo basuma bafashwe mu gihe bari bahejeje gutemagura bakoresheje imipanga abanyagihugu babiri bo muri karitiye ya Gisyo,
Mashaka NZISABIRA ari mu bakomerekejwe n’abo basuma avuga ko bamutegereye atashe baca bamusaba gutanga iterefone n’amahera yari afise. Amaze kwanka kubibaha niho baciye batangura kumutemaguza imipanga, abona gutabaza abajejwe umutekano bahashitse badatevye.
Onesphore Bamboneyeho yibwe ibidandazwa vyiwe, yongera arakomeretswa n’abo basuma, avuga ko bamwivye agiye muhira gufungura, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, agarutse niho yasanze bariko bariba aca aratabaza igiporisi kiri hafi kibona kuza kubatesha.
Mashaka NZISABIRA hamwe na Onesphore BAMBONEYEHO bose basaba abajejwe umutekano ko bokara ibishoboka kugira bashire ikirindiro c’abajejwe umutekano muri ako gace, kugira umutekano ugaruke, bagasaba kandi ko abo bafashwe bohanwa bimwe vy’akarorero hakwirikijwe amategeko, kugira ubwo bugizi bwa nabi