Koweït yirukanye uwuserukira Koreya ya ruguru

Ikarata ya Koweit

Amakuru aturuka mu gihugu ca Koweit avuga ko ubutegetsi bw’ico gihugu bwirukanye uwuserukira igihugu ca Korea ya Ruguru muri ico gihugu.

Nta makuru avuye mu butegetsi araja ahabona, ariko bamwe mu bategetsi babwiye abamenyeshamakuru ko uwo mu Ambasaderi yahawe ukwezi kumwe ngo abe yagiye, bikavugwa ko ibikogwa vy’ubuserukizi bizosubizwa hasi.

Koweit nico gihugu conyene co mu karere ka Golf cari kigisigaranye ubuserukizi bwa Korea ya Ruguru.