Leta ya Congo yarahiye irarengwa yuko ata mpunzi z’abarundi ziciwe muri ico gihugu.

Lambert Mende mu kiganiro n’abamenyeshamakuru

Leta ya Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) irahakana ko abarundi barenga 30 bishwe ku munsi wa gatanu bari impunzi.

Umushikiranganji ajejwe amakuru, Lambert Mende, yavuze ko abapfuye bari abantu b’umugwi utazwi w’abagwanyi.