Onu yasavye yuko hoba itohoza kuri urupfu rwabarundi bapfiriye i Congo

Izo mpunzi zari mu myiyerekano ziyamiriza gutahukanwa

Onu isaba ko hokogwa itohoza ku rupfu rw’impunzi 37 z’abarundi zishwe n’abajejwe umutekano muri Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) mu myirekano yo kwiyamiriza gutahukanwa.

Umugwi wa Onu warungitswe muri RD Congo gufasha kubumbatira amahoro Monusco, wavuze ko abandi 117 bakomerekeye muri iyo ntureka yabereye mu buseruko bw’igihugu.

Amakuru ava muri leta avuga ko abagumutse bateye ibohero ryarimwo abarundi birukanywe.