Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rihanagura irisaba imyaka umukuru w’igihugu yoba afise igihe yitoza
Niburiburi abantu indwi batawe muri yompi mu gihugu ca Uganda, bafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza integuro y’itegeko rishaka gukura imyaka umukuru w’igihugu asabwa kuba atoba arenza igihe yitoza.
Muri kino gihe uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu asabwa kutarenza imyaka 75.
Ukwo guhindura amategeko y’ibwirizwa shingiro, vyotuma Prezida Yoweri Museveni asubira kwitoza mu 2021.