UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI N’ABARUNDI.
Nkuko Uhoraho Imana yo mw’Ijuru yabitugeze, Ihanga Ryera ry’Imana ABISEZERANO rirabatumiriye amasengesho yama aba iminsi yose kuwa gatatu ( mercredi) no kuwa gatandatu ( samedi) kuva sa 6h gushika 18h, ku karago.
I. URUFATIRO : (1 Abikorinto 3:3-4) » kuko mukiganzwa n’ivya kameremere kanyu kuko muri mwebwe hari ishari n’ugutongana; ntimuganzwa navyo? Ntimugenda nk’abantu?umuntu umwe kwavuga ati Jeho nd’uwa Paulo, uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo nti muri abantu se?. »
II. INYIGISHO:
– gusengera ubumwe umuntu wese akabonamwo mugenzi we ishusho y’Imana
– kutaganzwa nakameremere tukaganzwa na Mpwemu Yera.
III. IVYO MPWEMU AHISHURA:
– Abantu benshi bagwije amacakubiri kandi basenga bagwije no kwishushanya no mu masengesho bagasenga ariko ntibahinduke rwose: ikebuke.
– Mu gihugu no mw’ishengero himirije ibihe bibi cane, uwahora asenga rimwe ni ahindure asenge gatatu ku munsi mubone gutabarwa.
IV. IMITWARO YO GUSENGERA:
– Abakozi b’Imana Isumba vyose bari mubikorwa bitandukanye n’ingendo hirya no hino muhereye ku murongozi mukuru.
– Gusengera impunzi, abateshejwe izabo, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi.
– Gusengera imitwaro musanganywe mu karere muherereyemwo no kwibuka kugira ibikogwa vy’imbabazi n’urukundo ku bandi. – Gusengera umutekano mu ngo zanyu, ku mirimo no mu nkambi z’impunzi
V. ITANGAZO:
– Abana b’Imana ni bareke guta umwanya mubitagira ikimazi: ukwiganyira, urusaku, urwanko, ugucokorana, amazimwe, nibindi mwenivyo …ugutabarwa kurashitse.
– Ntihagire umuntu uzovuga nabi canke ngo umwipfurize ikibi kubera yuko mudasangiye intara, idini, umugambwe canke ubwoko. Ivyo uzovyirinde kugira wuzure n’Inana.
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.