Igihuhusi Maria kirabica bigacika naho baciteguriye mu mazinga ya caraïbe. Uyu munsi cateye repubulika dominicaine.

Igihuhusi Maria cafashe inzira yari yaciyemwo igihuhusi ca Irma cononye ibintu vyinshi igihe caca muri ako karere muri uku kwezi.

Igihuhusi Maria gifise inguvu zirenze igipimo ca gatanu cateye izinga rya Caraibe na Rep. Dominicaine kirimwo umuyaga ufise ubunyarutsi bw’ibirometero 260 kw’isaha.

Umushikiranganji wa mbere Roosevelt Skerrit yanditse ku rubuga rwa facebook ko uruhande rumwe rw’inzu yiwe rwabomotse.

Yavuze ko inzu yiwe yarengewe n’amazi mu nyuma avuga ko yatabawe.