Kenya: Ubuhinga bwo gutora buzoba butara nonosogwa neza mu kwicumi.

Umukuru w’abatavuga rumwe na reta Raila Odinga na mugenzi we Kalonzo Musyoka (kuri ico capa) ni bo bituye sentare kugira amatora asubirwemeo.

Ikompanyi ijejwe gutegura ubuhinga buzokoreshwa mu matora y’umukuru w’igihugu azosubirwamwo mu kwezi kw’icumi ivuga ko itazoba iraheza ico gikorwa ku gihe.

Sentare ntahinyuzwa yarafuse amatora yo mu kwezi guheze, ivuga ko habayemwo amanyanga.

Ayo matora yari yatsinzwe na prezida ahari ubu, Uhuru Kenyatta.