
Amakuru ava mu giporisi amenyesha ko bamaze gutangurac igikorwa co kurondera abo batorotse, ariko abaporisi bari bacunze abo bapfungwa bakaba bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza kugira barabe ko batoba babifisemwo uruhara.
Aho nyene mu ntara ya Mwaro, muri Komine Rusaka,iyo mvura yarasambuye amazu indwi yongera yonona imirima yo mu mwonga ku mitumba Kiyege, Shana na Rusaka kubera urubura.
Mu giporisi c’Uburundi bakemeza ko uretse ivyo vyabaye kubera imvura nyinshi yaguye, muri rusangi umutekano wifashe neza.