đNTA KINDI KIGIRA IKIMAZI ATAR’UKWUBAHA IMANAđUMUSIGUZI :9_10_11_12_13_14.
9.Vyongeye kandi,Umusiguzi kuko yar’umunyabwenge yashishikaye kwigisha abantu ubwenge;Mbere yakoze irya n’ino,araserangura,aroranya imigani myinshi.
10.Umusiguzi yagerageje kurondera Amajambo aryoshe,ni yo yanditswe atunganye,ni yo majambo y’ukuri.
11.Amajambo y’abanyabwenge ni nk’imihunda,kand’amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe,umwungere umwe ariwe yayatanze.
12.Ibisigaye,mwana wanje,uhanurwe:
13.Vyose vyarumviswe:indunduro yavyo n’iyi:WUBAHE IMANA,WiTONDERE IVYAGEZWE NA YO;kukw Ivyo arivyo bibereye rwose umuntu wese.
14.Kukw’IMANA izoshira igikorwa cose mu rubanza,bo n’ikintu cose gihishijwe,ari kibi ari ciza.đAMENđ