
Ayo mazu yasenyutse ku murwa mukuru Mexico, mu gihe nyamugigima ifise igipimo ca 7.1 yahaca.
Abantu bariko baratabara vyihuta bafashijwe n’abantu amajana n’amajana bariko baritanga igikorwa co kurondera abarokotse baguweko n’ibihome vy’amazu.
Abategetsi mu gihugu ca Mexique bavuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwongerekana.
Mu ntango z’uku kwezi kwa Nyakanga ,nyamugigima yaradutse mu karere ko mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Mexico gihitana abantu 90.