Uretse yuko bamwe n’abandi batona kumwe iyo rapport, hariho abamaze kuyikura mu bikorwa bisanzwe bayihindura ibirwanisho vyo kwica, kwangaza no guharanira ubutegetsi.
Uretse yuko ari ikintu kizwi neza yuko inzego za ONU zishobora gukoreshwa mu gukiza no gukingira aba na bariya ziranakoreshwa mu kwica kwangaza aba canke bariya babegetseko ivyaha. Ivyo si imbeshere kuko uturorero ni twinshi muri Africa no muri Aziya.
Tugarutse kuri iyo rapport havuzwe vyishi, handitswe vyinshi ntawobigarukako mugabo ico twomenya ubu ni uko bavuga yuko uwahora ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Major Petero Buyoya yoba afise ikiganza kuri iyo rapport abicishije ku wiswe umuhabara w’umukuru w’abo bahinga ba ONU. Rwoba ari urusaku canke kwoba ari ukuri? Abanyamakuru ba Radio Isezerano bariko barabatororokaniriza amakuru y’ukuri.