Rutana : Abana 17 bafashwe n’igiporisi

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, abo bana bafise imyaka iri munsi ya 18bafashwe mu gihe bariko bagerageza kuja mu gihugu ca Tanzaniya kuronderayo akazi.

Abo bafashwe ni abo ntara za Ngozi, Karusi, Kayanza, hamwe na Gitega. Bose bapfungiwe mu gasho ka komine Gihofi