
Mu nama yo guhahana ivyiyumviro ku bijanye n’igisata c’amagara y’ibitungwa yabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 21 Nyakanga 2017, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, Severin BAGORIKUNDA yamenyesheje ko abantu babagira mw’ishamba, mu mazu atabigenewe canke ababagira ku mabarabara bituma amagara y’abantu n’ay’ibidukikije ahungabana, kuko ivyo bitungwa bibagwa bidapimwe neza, iyo bifise ingwara zigashobora kwandukira abantu.
Severin BAGORIKUNDA amenyesha ko amategeko mashasha bagiye gushiraho azofasha kugira hatunganywe neza ibibanza bibagirwamwo, hamwe no gupima neza ibitungwa bikwiye kubagwa kuko iyo upimye ibikoko ari bizima hariho ingwara ushobora kubona utobona iyo ubipimye wamaze kubibaga.
Severin BAGORIKUNDA,Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi
Kugira bakinge ingwara zotegwa n’ibitungwa biva hanze y’igihugu, Severin BAGORIKUNDA avuga ko hazokwubakwa ibibanza vyo kupimiramwo ku mbibe kugira ntihagire ibitungwa biva hanze y’igihugu vyohava biza kwanduza ibitungwa vyo mu gihugu.
Bimwe mu bikorwa bigiye gukorwa, muri ubwo bushikiranganji, hariho kwubaka amasoko ajejwe kudandarizwamwo ibitungwa nko mu ntara ya Rumonge, mu ntara ya Muyinga, i Gitega hamwe n’i Ngozi ahazosubirwamwo, hamwe n’amacuniro matomato azokwubakwa mu makomine yose havuyemwo amakomine yo mu ntara ya Karusi, ya Muramvya hamwe n’iya C’ibitoke.