
Mu ruganda ihuriro ry’imigambwe FDP ryatunganije kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Nyakanga 2017,ku civugo :’’Agateka ka zina muntu n’ubutungane mu nteguro y’amatora ’’,umukuru w’ihuriro FDP Félicien NDUWUBURUNDI yamenyesheje ko urwo ruganda rwatunganijwe mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka wa 2020.
Ku ruhande rwiwe,Ernest NYABENDA umuhinga yashikirije icigwa yavuze ko ubutungane bw’Uburundi bufise uruhara rukomeye mu gukingira agateka ka zina muntu mu gihe c’amatora.
Ernest NYABENDA yavuze ko ubutungane bwo hanze y’igihugu bukora mu gihe ubutungane bw’igihugu bwananiwe, aca ahamagarira abakuru n’abanywanyi b’imigambwe gusoma amategeko babishizemwo ugushaka.