Uganda: Ibintu nti vyifashe neza na gatoya. Imishamirano irabandanya

Leta ya Uganda co kimwe n’ayandi ma Leta atari make irazi kwimba igahisha ivu kandi birazwi neza yuko ari imwe mu ma Leta akoresha igitugu mugabo bikavurwa gake.

Uretse yuko umukuru w’igihugu ca Uganda amaze imyaka na milele ku butegetsi kandi akaba yagirizwa kuba ari inyuma y’intambara nyinshi ziba muri aka karere kibiyaga binini, ico gihugu kirangwamwo ihonyangwa ry’agateka ka zinamuntu.