
Inyuma y’inyigisho zatunganijwe ku rwaruka ruserukira abandi mu migambwe itandukanye zabereye mu ntara ya Kirundo, abari baserukiye abandi bagera hafi kuri mirongo indwi biyemeje ko mu mvugo zabo za minsi yose, bagiye kwirinda gukoresha imvugo icanishamwo, canke ikumira abandi.
Urwo rwaruka rwariyemereye ko rwama rwakoreshejwe ku nyungu za bamwe, ruka rwumvikanye ko rugiye kubana mu mahoro, rwubahana mu butandukane bwarwo. Abakurikiranye izo nyigisho ni abo mu ntara za Kirundo, Kayanza, Ngozi hamwe na Muyinga.
Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA yari muri ivyo bikorwa vy’izo nyigisho zateguwe n’ishirahamwe UNFPA, yahamagariye urwaruka kudatwarwa n’ibihe vya poritike igihugu kiba kigezwemwo, abasaba kwihanganirana. Edouard NDUWIMANA yagarutse ku ndirimbo y’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD muri komine Ntega, intara ya Kirundo, rwaririmvye amajambo avuga « gutera inda abakeba kugira bavyare imbonerakure ».
Urwo rwaruka rwasavye abanyeporitike ko batosubira kubacanishamwo.