Ivyo ukwihanganira ibitugerageza 

🌈IVY’UKWIHANGANIRA IBIGERAGEZA🌈YAKOBO 1:12_13_14_15_16_17_18.

12.Hahirwa umuntu yihanganiye ibimugerageza,kuko ni yamara Kurama azohabwa igitsibo c’ubugingo,ico IMANA yasezeraniye abayikunda.

13.Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi,yoye kuvuga ngw IMANA ni yo ingerageje.Kukw IMANA itageragezwa n’ibibi,kandi n’a yo nta we ibigerageresha.

14.Arik’umuntu wese ageragezwa,iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.

15.Maz’ukwo kwifuza gutwara inda,kukavyara icaha,icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.

16.Ntimuzimire,bene Data nkunda.

17.Gutanga kwose kwiza,n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru,vyururuka biva kuri se w’imico,adashobora guhinduka canke kugira igitutu gitewe n’uguhindagurika.

Nk’uko yabigabiye ubwayo,yatuvyarishije ijambo ry’ukuri,kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.👏AMEN👏

Une réflexion sur “Ivyo ukwihanganira ibitugerageza 

Les commentaires sont fermés.