
Umushikirizamanza mukuru wa Kenya Githu Muigai yavuze ko Prezida aguma ku butegetsi gushika igihe uwundi arahiriye
Umushikirizamanza mukuru wa Kenya Githu Muigai yavuze ko amatora ategekanywa itariki 26 ukwezi kwa cumi ategerezwa kuba yatunganijwe imbere y’itariki 1 ukwezi kwa cumi na rimwe naho imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yokwanka kuyitaba.
Uwo mushikirizamanza mukuru yashikirije ayo majambo mu nama n’abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru Nairobi, mu gihe bivugwa ko igihugu gishobora kuja mu ruhagarara rwa politike hageze itariki 1 ukwezi kwa cumi na rimwe ayo matora ataraba.
Sentare Ntahinyuzwa yasavye kw’itariki 1/9/2017 ko amatora ya kabiri akogwa imbere y’itariki 1/11/2017 mu minsi 60.