Kim Jong-un yavuze ko amajambo yashikirijwe na Prezida wa Amerika Donald Trump « yataye umutwe » ko vyatumye abona ko bikwiye kwakorera Korea ya Ruguru ibigwanisho yongera avuga ko azoyishura.

Umukuru w’igihugu wa Amerika yavuze ku munsi wa kabiri ko Amerika ni hagera aho yigwanira, ko « izosambura burundu » Korea ya Ruguru.

Bwana Trump yise Bwana Kim « rocket man » (umugabo w’amaroketi) afise « umugambi wo kwiyahura ». Ivyo bihugu ukwo ari bibiri bimaze amezi biterana amajambo.

Korea ya Ruguru yaragerageje ibigwanisho vyo mu bwoko bwa « missile », igerageza ikigwanisho co mu bwoko bwa « nucléaire » naho amakungu yavyiyamiriza.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Korea ya Ruguru Ri Yong-ho, yagereranije ijambo rya Bwana Trump nk’ « ijwi ry’imbwa ikuga », avuga ko Pyongyang izogerageza bombe ya « hydrogène » mw’ibahari rya Pacifique ngo yishure kw’iterabwoba rya Amerika.

« Ico kibombe « H-bomb » ni caturikira muri Pacifique, urwamo rwaco ntaco bizoba bingana, » niko Bwana Ri yavuze, ku bw’ikinyamakuru Yonhap.

Ariko yongeye ati: « Nta wuzi neza ibizokogwa, mu gihe bizotegekwa n’indongozi Kim Jong-un. »