Prezida Magufuli yategetse ko hubakwa uruhome rukingira amabuye y’agaciro ya « Tanzanite »

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yasavye igisirikare c’igihugu « Tanzania People’s Defence Forces » (TPDF) kwubaka uruhome mu karere ka Mirerani kagwiriyemwo amabuye y’agaciro ya Tanzanite, muri komine ya Simanjiro mu ntara ya Manyara.

Urwo ruzitiro ruzokingira uduce A,B,C na D tw’ibirometero 81, 99 mu karere ka Mererani bacukuriramwo ayo mabuye.

Dogiteri Magufuli yategetse ivyo ku munsi wa gatatu, ari mu birori vyo gutanguza ibarabara rya kaburimbo ry’ibirometero 26, riva ku kibuga c’indege « Kilimanjaro International Airport »(KIA) gushika Mirerani. Yavuze ko iyo ngingo ifise intego yo kugenzura no kurereka abiba amabuye y’agaciro ya Tanzanite.

« Nipfuza kurwo ruhome rwubakwa ubu nyene kugira ngo dukingire ayo mabuye ariyo yonyene adutungishije. Ruzogira irembo rimwe hamwe n’ibikoresho bifasha kurereka, bigashobora kubona aboba bariko bariba, » niko yavuze.

Prezida Magufuli avuga ko bizofasha kuzamura agaciro k’iryo buye ku soko mpuzamakungu.

« Narababajwe n’ivyo umugwi urimwo umukuru w’inama nshingamateka Job Ndugai wakoze itohoza washitseko.

Barerekana ingene ubwo butunzi bufasha bake. Sinipfuza ko vyosubira gushika, » niko yabandanije avuga.