Umugambwe Frodebu Nyakuri basaba ONU kwitondera ingingo zofatirwa Uburundi

Mu mugambwe Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye bashikiriza ko imbere ya vyose, abakoze ayo matohoza bari kubanza kwiyamiriza abashatse gutembagaza ubutegetsi, abatunganije imyiyerekano n’ubugizi bwa nabi hamwe n’abashinze imigwi igwana mu gihugu carangwamwo umutekano.

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri bavuga ko uko ishirahamwe mpuzamakungu ryari kwirinda guhengama mu gushigikira uruhande rumwe, mu vyabaye mu mwaka wa 2015.

Keffa NIBIZI, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Iragi rya NDADAYE

Muri uwo mugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye basigura ko mu gihe vyoguma uko bimeze ubu, icarico cose cokorwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko ata nyishu cotanga, kuko vyonezera uruhande rumwe urundi narwo rugakumirwa.

Muri uwo mugambwe basaba igisata mpuzamakungu ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gushikiriza uko Uburundi bwifashe badahenganywe, hamwe no kutihutira gufata ingingo ataco zifasha Abarundi kiretse kubacanishamwo.