Amerika : Hatowe umuti ushobora kurwanya SIDA gushika ku bice 99 kw’ijana

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko uwo muti ukozwe ku buryo ushobora gutera ibihimba bikomeye bitatu vy’umugera ,bigatuma umugera HIV udashobora kuwurinda.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ico gikorwa cakozwe n’ikigo ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika citaho ivy’amagara « US National Institutes of Health » hamwe n’ihinguriro ry’imiti Sanofi.

Ikigo gifasha kurwanya SIDA « International Aids Society » cavuze ko kinezerejwe n’iyo ntambwe.

Uwo muti uzotangura kugeragezwa ku bantu mu mwaka wa 2018, kugira barabe ko ushobora gukingira umuntu ntiyandure canke kumuvura.