Kirundo : Umusore w’imyaka 26 yishwe acumiswe imbugita

Amakuvu ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko ubwo bwicanyi bwahitanye uwo musore w’imyaka 26 y’amavuko bwabereye ku mutumba Rwibikana, muri komine Busoni, mu ntara ya Kirundo.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE aremeza ayo amakuru, akamenyesha ko abantu bane bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.