Intumwa z’ibanki AFREXIMBANK zakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Inyuma y’uwo mubonano, nk’uko bivugwa na Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, izo ntumwa ziyemeje gufasha Reta y’Uburundi mu bijanye n’uburimyi, ukwubaka amabarabara, amabarabara y’indarayi, igisata c’ingenzi, gufasha mu bijanye n’umuyagankuba, hamwe n’ubutare n’agataka.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko uwo mubonano wabaye mwiza, kuko abo baserukiye ibanki AFREXIMBANK bemeye gufasha mu migambi itandukanye y’igihugu c’Uburundi.