Kenya: abatavuga rumwe na Leta bateguye imyiyerekano

Igipolisi ni co gikikuje inyubakwa ikoreramwo akanama kajejwe gutegura amatora i Nairobi

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta muri Kenya NASA rwateguye imyiyerekano yo gusaba ko abagize akanama kajejwe gutegura amatora batanga imihoho.

Iyo myiyerekano n’iyo gusaba ko bamwe mubagize akanama kajejwe gutegura amatora bari mubatunganije amatora aheruka yo kw’itariki 8 ukwezi kw’umunani muri uyu mwaka, yafuswe na sentare ntahinyuzwa, batanga imihoho.

NASA ivuga ko itinjira mu nyubakwa ya IEBC nk’uko bari babimenyesheje kugira birukane abo bakozi ku nguvu, ariko ko imyiyerekano iza kuba mu mahoro mu mabarabara yo mu gisagara ca Nairobi mu gusaba ko batanga imihoho.

Ico kikaba ari kimwe muvyo NASA isaba kugira ngo yitabe amatora azosubirwamwo itariki 26 ukwezi kwa cumi uyu mwaka.

Abarongoye abatavuga rumwe na reta muri Kenya Kalonzo Musyoka, Raila Odinga na Musalia Mudavadi

Prezida Uhuru Kenyatta aragabisha abatavuga rumwe na we ko bazohanwa hakurikijwe amategeko mu gihe iyo myiyerekano yogira ingaruka ku butunzi bw’abanyagihugu.

Yavuze,  » Nimugire imyiyerekano yanyu, mugatsitara ku mboga z’umupfasoni ariko aradandaza mw’ibarabara, tubashinze ijisho. Mukegera amaduka y’abantu, turababona. Ariko mu gihe ata kindi kintu mushaka gukora atari ugutambuka mw’ibarabara- nimutambuke. Jewe nobabwira ko n’aho mwontuka gushika mu gitondo, nta co muhindura kw’isi ».

Prezida Uhuru Kenyatta aragabisha abatavuga rumwe na we ko bazohanwa hakurikijwe amategeko mu gihe iyo myiyerekano yogira ingaruka ku butunzi bw’abanyagihugu.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko bafie uburenganzira bwo kugira imyiyerekano co kimwe n’abashigikiye reta – urunani Jubilee- rwaragize imyiyerekano nk’iyo mu misi iheze, bagana ahakorera sentare ntahinyuzwa basaba abacamanza b’ayo ko birukanwa.

Umwe mubateguye iyo myiyerekano ‘abatavuga rumwe na reta, Musalia Mudavadi yabwiye BBC ko sentare ntahinyuzwa yavuze ko IEBC yananiwe gutegura amatora akurikije amategeko.

Yavuze ko ‘Akanama ka IEBC si ibikoresho gusa, kagizwe n’abantu batanga akazi ku bandi bantu, mubijanye n’ubuhingabwo gutumatumanako n’ibindi, barananiwe gukora akazi bashinzwe ni co gituma bokura meza.’

Itariki y’amatora muri Kenya yahinduwe

Urunani rwa NASA rusaba ko abakozi 12 b’ako kanama boshikanwa imbere y’ubutungane kubera bananiwe gukorera mu muco mu matora yabaye itariki 8 z’ukwezi kw’umunani.

Bipfuza kandi ko ubuhinga bwakoreshejwe mu matora aheruka ko bwohindurwa.