Umusore yariko aragira ubugeni yarokoye umwana mu ruzi

Igihe hariko haraba ibirori vyo gufotora abageni, ibintu vyahindutse igihe umugabo yasimbira mu ruzi kurokora umwana muto yariko aratwarwa.

Clayton na Brittany Cook bariko barifotoza inyuma yo kuragana ku kiraro ca Cambridge, Ontario, aho umugabo yabona umwana muto ariko arata amaboko agwana n’amazi ashira umtwe hejuru.

Ntiyiyumviriye impuzu yari yambaye z’ubugeni, Cook yaciye asimbira mu mazi aca afata uwo mwana aramukwega gushika ku nkombe.

Uwariko arafata amafoto yabandanije kumufotora gushika akureyo uwo mwana.

Ayo mafoto yakwiragijwe henshi.

« Hari haheze iminota itari mike abo bana bariko baradukurikira, kandi naguma ndabacunga kuko bari bahagaze iruhande y’uruzi, » Clayton ni ko yabwiye BBC.

 » Igihe batangura gufotora Brittany wenyene, nagiye mbona abana babiri bari bahagaze ku mbaho zigize ikiraro.

 » Nca mbona umwana ariko aragwana n’amazi akiriza umutwe hejuru, ni ho nanje naca nsimbira mu mazi.

« Naciye ndamukura mu mazi aba arakize. »

Umupfasoni wiwe Clayton avuga ko yibajije ko yasimbiye mu mazi ariko arafyina.

 » Twibaza ko umuntu uwo ari we wese yari gufata ingingo nk’iyi, » ni ko yavuze.

« Gato mpindukiye, nasanze yamaze kumukura mu mazi, » niko uwariko arafotora Darren Hatt yabwiye BBC.

« Nabandanije rero mfata amafoto y’ingene biriko biragenda. »

Inyuma yo gutabarwa, uwo mwana yaboneka nk’uwufise ubwoba ariko yari ameze neza muri rusangi, kandi yaciye agenda ari kumwe na mukuru we.

Umupfasoni Cook yavuze ko ukwitanga k’umugabo wiwe hamwe n’ingene yiyumvira vyihuta ari bimwe mu bintu vyatumye yemera kwubakana na we.