Umutumiro wo gusengera igihugu c’Uburundi n’abarundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI N’ABARUNDI.

Nkuko Uhoraho Imana yo mw’Ijuru yabitugeze, Ihanga Ryera ry’Imana ABISEZERANO rirabatumiriye amasengesho yama aba iminsi yose kuwa gatatu 27/09 ( mercredi) no kuwa gatandatu 30/09 ( samedi) kuva sa 6h gushika 18h, « ku karago. »

-Hariho abantu bumva dusenga bakibaza ngo turavangura amadini. Oya namba umwe wese naje gusenga mu kwemera kwiwe.

-Hariho n’abandi baseserejwe n’abavuga yuko base ga mugabo bakica bakangaza bakabnasahura. Abo batukishije izina ry’Imana ntituri kumwe nabo, kandi ivyo ntibizotubuza gushira Imana Imbere.

I. URUFATIRO N’INYIGISHO:

– kuwa gatatu (27/09) Yoshuwa 1:1-18 ( Imana ishikiriza Yosuwa igikorwa akanateguza abantu ngo bajabuke yorodani)

Yosuwa 24: 1-28 ( Yosuwa yibutsa ihanga ry’Imana ivyo Uhoraho yabakoreye kandi abahitishamwo Imana bazosaba)

– kuwa gatandatu (30/09) Abacamanza 7:1-25 ( Ingabo za Guidiyoni, aja gutata no guteraabamidiyani)

II. IMITWARO YO GUSENGERA:

– Abakozi b’Imana Isumba vyose bari mubikorwa bitandukanye mu gihugu hagati no hanze.

– Gusengera impunzi, abateshejwe izabo, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi.

– Gusengera imitwaro musanganywe mu karere muherereyemwo no kwibuka kugira ibikogwa vy’ubugiraneza aho muherereye.

III. ITANGAZO:

– Umwe wese asabwe gushikiriza rapport mu burongozi ( ivyabaye, ibivugwa n’ibitegekanijwe muvyo umutekano, amagara, ubutunzi…)

– Mugendane ubwenge, ukwiyubara n’urukundo mubi mudasangiye intara, idini, umugambwe canke ubwoko canke imiryango kugira ngo mubabere icitegererezo.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

http://www.abisezerano.com