
Twitter yatangaje ko iriko iragerageza igitigiri c’amajambo gushika ku 280
Urubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter rwamenyesheje ko ruriko ruragerage kwongereza igitigiri c’amajambo mu butumwa umuntu ashobora kwandika kuri urwo rubuga gushika ku 280, incuro zibiri amajambo yahora akoreshwa ubu.
Urwo rubuga rufise abantu barukoresha barenga imiliyoni amajana atatu, ruhanganye n’ikibazo c’igwirirana ry’abantu barukoresha, ubu rukaba ruriko rurihweza ingene rwokorohereza abarukoresha.
Umugwi muto w’abakoresha urwo rubuga uzogiramwo uruhara muri iryo geragezwa ryo kwongereza amajambo yandikwa.
Iyo kompanyi ivuga ko ari kimwe mu bintu vyahora bigora abakoresha urwo rubuga.