Afrika Yepfo: Abakozi bahagaritse akazi bihereza amabarabara.

Abakozi bihereje amabarabara mu bisagara bikuru muri Afrika y’epfo

Urunani rw’amashirahamwe y’abakozi muri Afrika y’epfo Cosatu rwahamagaje ihagarikwa ry’akazi mu kwiyamiriza ibiturire muri ico gihugu.

Vyitezwe ko haba ihagarikwa ry’akazi incuro 13 mu bisagara bikomeye harimwo Johannesburg, Cape Town na Durban.

Imigwi y’abakozi yatanguye kwiyegeraniriza hamwe.Ku musi wa mbere, umunyamabanga mukuru wa sendika Cosatu, yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo myiyerekano izoba ikomeye gusumba iyari imaze kuba.

« Dukoresheje uguhagarika akazi mu guha ubutumwa reta hamwe n’abikorera utwabo ko turushe n’ibirurire biribwa mu gihugu cacu, » ni ko yasiguye.

Iryo hagarikwa ry’akzi rirashigikiwe n’uwundi mugambwe ufashe mu mugongo uwuri ku butegetsi ANC, umugambwe wa SACP.

Biravugwa kandi ko abaza kuja muri iyo myiyerekano baza gusaba ko prezida Zuma atanga imihoho.

Amakete ya email yagiriza Prezida Zuma ku biturire

Cosatu yahora ishigikiye prezida Zuma ariko ubu iri inyuma y’icegera ciwe Cyril Ramaphosa mu guharanira kuba umukuru w’igihugu, aho ahanganye na Dlamini Nkosazana, yahoze arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, biboneka ko ari we Zuma ashaka ko azomusubirira mu mabanga yo kurongora igihugu ca Afrika y’epfo.