Bujumbura : Bamwe mu banyagihugu baridogera ishirahamwe BCCO rijejwe gukura iyarara

Abavuga ko bamara iminsi myinshi badakuriwe iyarara ni abo muma zone ya Cibitoke, Kinama, Carama, Ngagara, hamwe na Gihosha.

Mw’ishirahamwe BCCO baremera ko iminsi itari mike ishobora guhera badakuye iyarara hamwe hamwe, ariko bakavuga ko kenshi biba vyatewe n’imiduga iba yagize ibibazo, bagaca babanza kurondera abafundi bo kuyikora. Muri ico gihe, nk’uko muri iryo shirahamwe babivuga, aho hantu iyo muduga yaba yari kuja gukura iyarara, ntihaba hagitunganirijwe. Muri iryo shirahamwe bemeza ko bariko barakemura ico kibazo.

Iryo shirahamwe rivuga ko ririko rikosora utugorane twibonekeza mu gihe umukuru w’igisagara ca Bujumbura aheruka kumenyesha ko igikorwa c’ugukura iyarara mu ngo kigiye guhabwa ama koperative. Freddy MBONIMPA avuga ko mu kwezi kw’icumi kwimirije, amashirahamwe azotamenyeshwa ibisabwa kugira atangure guhiganirwa gutsindira iyo soko y’ugukura iyarara mu ngo zo mu gisagara ca Bujumbura