
Abarundi muri rusangi turangwa n’ububisha bw’inzigo, ukugira nabi ni kwipfurizanira ikibi. Ivyo vyose bibonekera mu majambo avurwa hirya no hino hamwe no mubikorwa nk’ubwicanyi, akarenganyo, ugutotezanya, ukubesheranira n’ibindi nkivyo.
Muri kahise na kubu, iyo uburundi burongorwa n’abashingantahe, imvugakuri n’abagabo bakunda igihugu; ibintu nti biba bimeze uko biri uyu munsi.
No kuri iyi saha usomye ivyandikwa, ukumviriza ibivurwa, usanga abarundi benshi barataye akaranga k’ubuntu. Ikibi gusa nico kiganza imitima yabo. Nkuko mubibona kuri ivyo biharuro vya onu, ibihugu vyinshi vyatoye yuko agateka ka zina muntu kagarukirwa hatarinze kujamwo ICC. Twongere dusabe yuko uwugomba kuzobona Uburundi Bushasha b’Isezerano yohindura ingendo akitandukanya n’ububisha kugira agendere ubuntu.