
Ibihugu vyo Afrika birongowe na Tuniziya vyagiye hamwe kuri uwu wa gatatu bisohora urwandiko rushigikira Uburundi, bisaba ko Sentare mpanavyaha itokora amatohoza ku Burundi.
Ivyo bibaye mu gihe umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi utegekanya ko ONU yokwemeza kuri uwu wa kane ko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha itanguza ayo matohoza mu Burundi, ibishigikiwe n’ubumwe bwa Buraya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.
Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko icegeranyo ca ONU ku gateka ka zina muntu gishingiye ku makuru atariyo, kandi ko n’ibivugwa ku Burundi atarivyo.
Abaserukira ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya, Reta zunze ubumwe za Amerika, Norvege, Ubuswise, Canada, hamwe n’Ubwongereza bavuga ko badashigikiye ivyo vyasabwe ba bimwe mu bihugu vya Afrika. Ingingo yafashwe na ONU imenyekana ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, canke ku munsi wa gatanu.