
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, umushikiranganji w’agateka ka zina Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko ingingo ishinga uwo murwi w’amatohoza wagiyeho amategeko adakurikijwe kandi ko washizweho ku mvo za poritike, kuko harivyo wategerezwa kwerekana.
« Reta yariyamirije iyo ngingo kuko yabonye kare ko mu binyegeje ko uwo murwi wategerezwa kwerekana uko bigenda kwose ko habaye ivyaha vy’agahomerabunwa mu gihugu, gukura Uburundi mu kanama ka ONU kajejwe ivy’agateka ka zina muntu, hamwe no gutuma sentare mpanavyaha CPI kugira amatohoza mu Burundi ».
Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu asigura ko n’aho bohindura abagize uwo murwi, Reta y’Uburundi itazokwemera ko uwo murwi uhabwa ikindi kiringo, kuko kubwayo, ivyama bishikirizwa n’uwo murwi aba ari ibinyoma. Martin NIVYABANDI ahamagarira uwo murwi ko wokwegera Reta ikawereka ivyo imaze gukora.
Icegeranyo c’umurwi w’abahinga bajejwe amatohoza yabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 cavuga ko habaye ihohoterwa rya kiremwa muntu muri ico kiringo, kandi ko hari n’abantu baburiwe irengero.
Tubibutseko ko muri uwu wa kane i Geneve mu gihugu c’Ubuswise ko haza kuberayo inama igira iya 36 y’akanama kajejwe agateka ka zina muntu, akaba ariho haza kuba amatora amenyesha namba uwo murwi ugizwe n’abahinga batatu bajejwe gutohoza ku mabi yabaye kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2015 mu Burundi wokwongerwa ikindi ikiringo c’umwaka.