🌈 AMAHORO YACU ARI MUBIGANZA VY’IMANA🌈ZABURI 119:130_131_132_133_134_135.
130.Guhishurirwa amajambo yawe kuzana umuco,Guha abatungu ubwenge.
131.Nasamitse akanwa,ndahuzagizwa,Kuko nifuza amabwizwa yawe.
132.Unkebuke,ungirire ikigongwe,Nk’uk’umenyereye kugirira abakunda izina ryawe.
133.Gumiriza intambuko zanje mw ijambo ryawe ;Ntihagire ikigabitanyo na kimwe kinganza.
134.Uncungure,unkure mu gahahazo k,abantu,Kugira ngo nitondere amateka washinze.
135.Umurikishirize umusavyi. Wawe mu nyonga hawe: Unyigishe Ivyo washinze.🙏
AMEN🙏