Burundi: Amnisty International ivuga yuko umutekano utarakomera mu Burundi.

Amnistie Internationale iragabisha ku mutekano muke w’abahunguka bavuye mu gihugu ca Tanzaniya

Ikigo giharanira agateka ka zina muntu Amnistie Internationale kiragabisha kivuga ko ibihumbi vy’impunzi z’abarundi zisubira mu gihugu c’amavuko zivuye muri Tanzaniya, zihura n’ikibazo c’umutekano muke.

Mu kwezi guheze, Tanzaniya, u Burundi n’ikigo ca Onu citaho impunzi UNHCR bumvikanye ko boba barungitse mu gihugu c’amavuko impunzi 12000 zivyipfuza ziri mu gihugu ca Tanzaniya imbere y’impera y’uno mwaka.

Ikigo Amnistie Internationale kivuga ariko kuwo mugambi ushobora gutuma ubuzima bw’abo bantu baharugwa mu bihumbi bubangamigwa, kikavuga ko kizi neza ko impunzi nyinshi zisubizwa mu gihugu c’amavuko ku gahato bashigwako n’ubutegetsi bwa Tanzaniya be n’ubw’u Burundi.

Mu cegeranyo casohoye, ico kigo kivuga ko umutekano utarakwira mu gihugu, ko hari amabi menshi akirangwa muri ico gihugu.

Amnistie Internationale ivuga ko abantu bakisinzikarizwa ubuzima, abadi bakanyuruzwa, bagafungigwa ubusa, abagore n’abigeme bagasambanywa ku nguvu, hamwerero n’abaguma bicwa. Abanyagihugu ngo nta mwidegemvyo bafise mu gusohora ico biyumvira, ngo ntibarekuriwe no kuja hamwe mu migwi.

Ivyo vyose ngo bikogwa ata camira, ubutungane bureze amaboko.