Reta ntiyigeze yanka gukorana n’abahinga » – Firipo NZOBONARIBA »

Mu kaganiro c’abavugizi b’inzego za Reta co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, Firipo NZOBONARIBA umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko umurwi w’abahinga batatu biteguye kuza mu Burundi Reta y’Uburundi ibemera mu gihe boba baje gufasha ubutungane n’igiporisi mu kubakarihiriza ubwenge, mu bijanye n’ingene amatohoza akorwa.

Firipo NZOBONARIBA avuga ko Reta itazokwemera ko abavuga ko baje gukora amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi, kuko inzego z’ubutungane n’igiporisi zifise ubuhinga bukwiye.

Umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo, Firipo NZOBONARIBA arashimira ibihugu vya Afrika vyashigikiye Uburundi mu nama yabaye i Geneve kuri uno wa kane igenekerezo rya 28 Nyakanga 2017.