Therence NTAHIRAJA avuga ko Abarundi bahungiye mu Rwanda bahunguka mu kinyegero

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko abavuga ko impunzi z’abarundi zihunga ari iziva mu gihugu ca Tanzaniya n’igihugu ca Kongo gusa ari ibinyoma kuko no mu bindi bihugu bahunguka.

Therence NTAHIRAJA ashikiriza ko ibitigiri vy’impunzi z’abarundi bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR atarivyo, kuko ku bwiwe abarundi bahunguka ku munsi ku munsi, ariko HCR ntibishire mu vyegeranyo vyayo.

Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Uwo avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yemeza ko hagiye kubaho igenzurwa ryo kumenya igitigiri c’abarundi bahunze kuva ku mitumba gushika mu ntara, bafatire no kubamaze guhunguka kugira bamenye igitigiri c’ukuri c’abarundi basigaye mu buhungiro.

Ku kibazo co kumenya kazoza k’abarundi bahunze bahora bafise ubuzi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko bazosubizwa mu mirimo mu gihe ibibanza bari barimwo bizoba bitarajamwo abandi.

Therence NTAHIRAJA avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yizeza abashaka guhunguka ko bazosanga amatunga yabo yaracunzwe neza.