Uhoraho atwitwararika ku murango no mwijoro.

🌈 TEKANA UHORAHO ARATWITWARARIKA KUMURANGO NO MW’IJORO🌈ZABURI4:3_4_5_6_7_8.

3.Ariko mumenye yuk’UHORAHO yirobanuriye umukunzi wiwe,

UHORAHO azonyumva uko ndamutakambiye.

4.Mwiyubare,ntimukore icaha:mucuragize mu mitima yanyu muri ku maritime,mucereje.

5.Mutange ibimazi vy’ugukenguruka,muheze mwishimire UHORAHO.

6.Hariho benshi babaza,bati ni nde azogira iciza atwereka?

UHORAHO,utwakishirize umuco wo munyonga hawe.

7.Ushize akanyamuneza mu mutima wanje,karutaako bagira mu gahimbo kamahonda na vino vyabo.

8.Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura,Kukw ari wewe WENYENE, UHORAHO,umpa kuba amahoro.👏AMEN👏