Abanyekongo bahungiye mu nkambi z’impunzi zabarundi

Abanyagihugu babanyekongo bahungiye mu nkambi z’impunzi z’abarundi mugihe abazi yuko barwanya Leta y’uburundi batunganije imyiyerekano mu bubiligi. Muri ico gihe abanyekongo bariko barahungira mu nkambi y’abarundi bi Lusenda, abarwanya Leta y’uburundi nabo bari bagize imyiyerekano yo kwerekana akababaro bafise kubera impunzi z’abarundi biciwe I kamanyola.