
Abashaka kwiyinkora kuri Cameroun bagiriza leta gukoresha inguvu z’umurengera
Abaharanira kwiyonkora kuri Cameroun batunganije imyiyerekano yahuriranye n’umunsi basanzwe bibuka igihe ako gace kari kashizwe kuri Nigeria n’abakoroni b’Abongereza, komekwa kuri Cameroun mu 1961.
Abashaka ukwo kwiyonkora bashaka no gufatiraho akaryo ko gutangaza ko bihaye ubwigenge, bikuye ku gice ca Cameroun kivuga igifaransa.
Ku munsi wa kane, leta yari yatanze itegeko ryo kubuza ko abantu bakoranira hamwe barenga bane muri ako gace.