Canada: igitero c’iterabwoba cabaye muri Edmonton

Umuntu yagongesheje imodokari ibariyeri ya polisi ater’abapolisi imbugita

Mu gitero catanguriye ibindi, hari umugabo yahuriye imodokari kw’ibariyeri y’igipolisi, imbere yo gusohoka agatangura gutera abapolisi imbugita.

Uwo mugabo yaciye ahunga yiruka n’amaguru.

Mu modokari yiwe basanzeyo idarapo ya Islamic State -IS.

Abantu bari mu bukwe aho imodokari yari ku muvuduko urenze yagwiriye, bayifashe amafoto

Inyuma y’amasaha make, hari iyindi modokari yaciye yahurigwa mu bantu bariko bagenda n’amaguru, aho yari isanzwe iriko irakurikiranwa kubera umuvuduko munini.

Abantu bane baciye bakomereka, nayo abakekwa bajanwa gupfungwa vy’agateganyo.

Ibinyamakuru vyo muri Canada bimenyesha ko ivyo bitero vyompi vyoba vyakozwe n’umuntu umwe.