France: igitero c’iterabwoba cahitanye abantu babiri I Marseille.

Igipolisi cazingirikiye igituro ca gariyamoshi mu muji wa Marseille

Umuntu yagavye igitero mu muji wa Marseille, bivugwa ko asa n’uwoba aturuka mu buraruko bwa Afrika, yarashwe n’abasirikare ahava nawe yitaba Imana.

Umugabo agereranywa mu myaka 20 yateye inkota akica abagore babiri mumuji wa Marseille, yumvikanye avuga kenshi ngo « Allahu akbar », amajambo yo mu carabu asigura ngo « Imana niyo nkuru « .

Igipolisi kimenyesha ko gifata ico gitero nk’ico iterabwoba, kandi ko abashikirizamanza bajejwe izo iterabwoba batanguye itohoza.

Aho nyene mubufaransa amakuru aturuka mu bitaro bimwe vyo mu amanyesha ko abantu batari munsi ya 29 baguweko n’uruzitiro kuri uyu wa gatandatu bari kurorera umupira mu muji wa Amiens.

Abantu batanu mu bagera ku 29 bakomerekeye ku kibuga c’umupira mu muji wa Amiens mu Bufaransa, biravugwa ko boba bababaye cane.

Isanganya ryakomereje abantu batari munsi ya 29, ryabaye inyuma y’igitego cinjijwe mu rukino rwa Ligue Un, hagati y’imigwi ya Amiens na Lille.