
BFR izokora ibikorwa nk’ivya SpaceX
Umugwizatunga yahisemwo gushora imitahe mu vyogajuru vya rockets, Elon Musk, yijeje isi ko mu gihe gito, urugendo rwa London – New York rutazorenza iminota 30.
Mu bisanzwe urwo rugendo rugirwa n’indege mu masaha nk’umunani.
Mu nama y’ihuriro mpuzamakungu ku buhinga bw’ivyogajuru -IAC (International Astronautical Congress) yabereye Adelaide muri Australia, bwana Musk yijeje abariyo ko azotangura kurungika abafata ingendo ku mubumbe wa Mars mu 2024.
Ikigo ciwe SpaceX kizotangura kubaka ivyogajuru bizofata inzo ngendo mu mwaka uza.
Avuga ko ashaka ko SpaceX yibanda ku cogajuru kimwe yise BFR, kizosubirira ibihari kikanahuza imibumbe itandukanye.
Bwana Musk yari yijeje inama ya IAC y’umwaka uheze, ko ariko yitegurira gutanga ubushobozi bwo gufata ingendo zo ku mubumbe wa Mars none ubu naho azanye iyindi mihigo, n’ivyerekana ko ariko aranonosora uyu mugambi.
Ico cogajuru BFR, kizoba gifise uburebure bwa metero 106 na metero 9 z’ubwaguke, yagabanije gato uko yateganya ko cubakwa ubwa mbere.
Uyu munyamerika afise amamuko ya Afrika y’epfo, avuga ko ico asigaje ari amafaranga kizomutwara, kugirango amenye uko ahuriza uburyo bwiwe mu gutunganiriza ingenzi mu vyo zikeneye, haba ku mubumbe w’isi canke hanze yawo.

Musk ateganya inyubako ku mubumbe wa Mars
BFR, izotanga uburyo busumba ubwatangwa n’ibigo vy’ivyogajuru vya kino gihe, n’ukuvuga ibikorwa na Falcon 9 na Dragon vy’ikigo SpaceX, hongeyeko gutwara ingenzi ku kwezi no ku mubumbe wa ‘Mars’, no mu mihingo y’isi rero.
Bwana Musk avuga ko ivyo bizotuma ingendo abantu bafata nka ndende, zishobora gukorwa mu kintu c’iminota mike. usk ati ‘kuki tutarashira ikigo c’ ivyogajuru vyacu ku kwezi ?’

Bimwe mu vyo Musk yiyemeje amaze kubikora
Uretse kuba umuyobozi nshingwabikorwa wa SpaceX, bwana Musk niwe yashinze ihinguriro ry’imodokari zitwarwa n’umuyagankuba rya Tesla, akaba n’umukuru w’ikigo ca SolarCity, giteza imbere ikoreshwa ry’amasoko ntangamvu yisubiriza.
N’ubwo rimwe na rimwe ivyo yiyemeje gukora biteba, amaze kurangura ibitari bike, harimwo kurungika ivyogajuru mu kirere bikagaruka kw’isi amahoro, incuro 16 zikurikiranya.
Bimwe mbere bimaze kugira ingendo zavyo za kabiri.