Nigeria: Buhari ati abashaka gusenyura igihugu ntavyo bazoshobora.

Buhari ngo yagwanye intambara ya Biafra, abayisabira kwiyonkora batanazi ingaruka yateye.

Perezida wa Nigeria Muhammadu Buhari yaneguye abashaka ubwingenge bw’intara ya Biafra, avuga ko bashaka ‘gutabagura igihugu’, kandi batazokwigera bavyemeregwa.

Imvukira zo mu karere ka Biafra ziri mu muhari wo kurondera ubwingenge bw’iyo ntara y’ubumanuko bushira ubuseruko bashaka ko kiyonkora ku gihugu ca Nigeria.

Bwana Buhari avuga ko yarwanye intambara ya Biafra mu myaka 50 iheze, kandi ko abo bifuza ko ako karere kiyonkora ari bato cane ku buryo batibuka ingaruka mbi z’ico kibazo.