America: ubwicanyi buteye ubwoba buhejeje kuba aho 59 bishwe n’abarenga 500 bagakomereka.

Ayo masasu yarashwe n’umuntu yari mw’igorofa ya 32 mw’ihoteri ya Mandalay ikinirwamwo akamari (Casino). Igiporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika kivuga ko cashoboye kwica kirashe uwo muntu yari ahejeje gusasika inganda, mu gucucagira amasasu menshi mu bantu bari mu giteramo cariko kibera hafi y’iyo hoteri.

Mu giporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko imyidondoro y’uwo muntu yarashe abari mu giteramo akica abagera kuri 59 bagakomemeretsa abarenga 500. Ikimaze kumenyekana akaba ari uko uwo muntu yariko arasa abari mu giteramo yahora aba nawe mu gisagara ca Las Vegas, inzu yiwe ikaba ikironderwa.

Ayo makuru atangwa n’igiporisi akaba avuga kandi ko muri ico giteramo harimwo bamwe mu ntwazangabo zo mu giporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika nabo nyene bakaba bari mu bahasize ubuzima. Ubu president Trump akaba ariko arashikiriza ijambo ryo guhoza abahekuwe.